5.5 C
New York
Thursday, January 21, 2021
Home Burundi Dynamo na les Gazelles nizo zaraye zitahukanye ibikombe

Dynamo na les Gazelles nizo zaraye zitahukanye ibikombe

Umuriro uzokwaka i Ngozi, nayo atari ibizohakirira ntakizohasiga ubuzima,  abanya Bujumbura n’abanya Gitega bagasabwa gushidukana n’iyonka bakerekeza ku Gasaka ka Inarunyonga.Ku magenekerezo ya 24 , na 25 gitugutu(10) mu Gisagara ca Ngozi hazoba hakoraniye abakinyi ba Basketball bazoserukira intara za Gitega,Ngozi na Bujumbura Mairie, abakinyi bafatwa nk ‘ibihangange kuko batatowe ahubwo bahiganywe barusha abandi.

Uko umwaka utashe mu kwezi kwa Gitugutu haratunganywa ihiganwa ryitiwe incungu (tournoi des Heros) ritunganywa n ‘ishirahamwe Fondation Pax Burundi rirongowe n’Umukenyezi Christine Ndayishimiye umutambukanyi wa Umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo.

Mu bagabo imirwi nka Dynamo na Muzinga akaba arizo zizoseruka mu gisagara ca Bujumbura, Les Gazelle na Gladiators zi gaseruka mu bakenyezi.

Mu gihugu hagati Imbeya z ‘i Gitega na Young Eagles mu bagabo, nayo kuruhande rw’abakenyezi naho Aigle Noire hamwe na Messager zikaba arizo zizoseruka.

Mu mpera z’ino ndwi akaba ariho hatunganywa ihiganwa ryo kuraba imirwi yambere mu gisagara ca Bujumbura, mu bagabo Dynamo ikaba yatwaye igikombe Muzinga bitayoroheye, nayo les Gazelle itsinda Young Eagles itabatsindagiye hasi.

Umwungere w’Ishengero Holy Center Apotre Manirakiza Jean Paul ari nawe yaserukiye abafishije yarakengurukiye cane,yongera atera intege Ishirahamwe Pax Burundi ku mutima wogufasha no gushigikira Urwaruka.

Mwomenya ko mu mwaka uheze Urunani na Gladiators yahoze yitwa Berco Stars arizo zari zatahukanye igikombe, mu gihe imirwi yatsinze i Bujumbura yari mu mahiganwa y’akarere zone 5.

Must Read

Abagizi ba nabi 3 berekanwe n’igiporisi c’Uburundi

0
Igiporisi c'Uburundi cerekanye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Nzero 2021, abagizi ba nabi bafadikanije n’umugore wa nyakwigendera kubwicanyi bwabaye mwijoro ryo kuwa 24...