Impapuro 15 zitanga uburenganzira bwo kuronswa uburusho nizo zatanzwe n’ikigo API kijejwe kworohereza abanyamitahe ku mashirahamwe yazisavye. Ayo mashirahamwe ategekanya gukoresha umutahe ungana n’imiriyaridi zirenga 710 mu gihe ubuzi butegekanijwe gutangwa burenga 2000.
Umuyobozi w’ikigo API Désiré Musharitse yabimenyesheje kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 16 Gitugutu umwaka w’2020, mu gihe yariko arashikiriza ivyaranguwe n’ico kigo mu kiringo c’amezi atatu aheze.
Désiré Musharitse avuga ko muri ico kiringo amashirahamwe 1296 n’abantu 500 baronkejwe impapuro ndanga mudandaza ku giti cabo.