5.5 C
New York
Tuesday, January 19, 2021
Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Breaking News : Shaka Bienvenue agiye gukinira Ac...

# Indundi Sports | Breaking News : Shaka Bienvenue agiye gukinira Ac Leopard muri Kenya

 

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Shaka Bienvenue yashize umukono Ku masezerano yo gukinira Umugwi Ac Leopard ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Kenya mu kiringo kitaramenyekana .

Umugwi Ac Leopard ukaba washimishijwe cane n’igurwa rya Shaka Bienvenue avuye muri Etoile Sportif du Sahel yo muri Tunisia  inyuma y’aho  yari yamutije mu mugwi Union Sportive Tatouine.

Aganira n’imboneshakure ya AFC TV yavuze ko anezerewe cane no kuza gukinira muri Ac Leopard umwe mu migwi ikomeye yo mu gihugu ca Kenya .

Muri aya majambo yagize ati:

” Ndanezerwe cane no kuza mu mugwi Ac Leopard ni umugwi ukomeye mu gihugu ca Kenya , ndi kumwe na bagenzi banje tuzokora uko dushoboye   kugira turabe y’uko twovyitwaramwo neza tubifashijwemo  n’abakunzi b’uwo mugwi.

Shaka akaba yarakiniye Umugwi Aigle Noire mu mwaka wa 2017 aranatorwa nk’umusatirizi yinjije ibitsindo vyinshi , inyuma yaho yaciye yerekeza muri Etoile Sporting du Sahel muri Tunisia ahakinira nk’umwaka nayo ica imutiza muri Union Sportive Tatouine yo muri ico gihugu nyene .

Amaze gukinira Imigwi nserukira gihugu y’intamba mu rugamba y’abatarenza imyaka 20 hamwe n’imyaka 23 tutibagiye n’umugwi nserukira gihugu w’abakuze Senior

Mwomenya ko Shaka Bienvenue abaye umurundi agira 3 akina mu gihugu ca Kenya inyuma ya Ndikumana Justin akina muri Bandari Fc , Ulimwengu Jules akina muri Gormahia .

Must Read

Umurundi Didier Touya agiye gukinira umugwi wa Mbeya City wo muri...

0
Umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania wamaze kugura umukinyi w‘umusatirizi w’umurundi Dider Touya yigeze gukinira umugwi LLBS4A. Didier Touya akaba agiye...