5.5 C
New York
Wednesday, January 27, 2021
Home Basketball #Coupes des Heros| Imvura y’i Ngozi yatumye inkino zanyuma zunguruzwa

#Coupes des Heros| Imvura y’i Ngozi yatumye inkino zanyuma zunguruzwa

Mu mpera z’indwi twaraye dusozereye inkino z ’igice canyuma(finale) mw’ihiganwa ryitiriwe Intwari(Coupes des Heros) ryaraburabujwe n ’imvura yaguye kuri uwu w ’Imana igenekerezo rya 25 gitugutu.

Inkino zikaba zari zatanguye neza ku musi wa gatandatu aho imirwi yose yari yakinye inkino zibereye ijisho.

Duhereye mu bigeme Gradiators yirahiye Aigle Noire ku manota 71 kuri 44.
Bikaboneka ko umurwi Aigle noire wavuye hasi, kuko abenshi bari biteze ko abo ba nyagisagara bahoze bakina muri Berco kandi banamenyereye n’Amahiganwa babagira ibisiga.

ku rundi ruhande Gazelle itsinda bitayoroheye Messager 58 kuri 46.

Ivyo bikaba biri uko mu bigeme, mu gihe mu bagabo Muzinga yatsinze Young Eagles 86 kuri 65, nayo Dynamo itsinda n’ishavu ryishi Imbeya 99 kuri 50.
Ibikombes bikaba vyaciye bisubira inyuma uko vyaje, ndetse n’ uburyo bwari bwategekanirije abakinyi bakaba babubahaye ku rugero rugana, mu kurindira ko hazokinwa urukino rwanyuma ruzozura urwishwe n ’imvura rukazobera mu gisagara ca Bujumbura.

Dynamo ikazohuza ubwayi na Muzinga, ku  ruhande rw ’abagabo, nayo Les Gazelles na Gladiators zisubire zirabe uwuhagaze ku maguru yompi.


Mwomenya ko izo nkino zari zatunganijwe na Fondation pax Burundi, ndetse na bamwe mu barwizatunga bafasha mu vy’inkino nka Apotre Manirakiza Jean Paul n ‘abandi.

 

 

Must Read

Inyuma y’ubugeni bwa Kigingi ngo n’ukwerekeza muri Canada

0
  Umukunzi wa Kigingi yabajijwe ibibazo bitari bike ku rubuga rwiwe rwa Instagram. Muri ivyo bibazo, hagumye hagarukamwo ikibazo c’urukundo rwiwe na Mugenzi Aubin benshi...