5.5 C
New York
Thursday, August 5, 2021
Homeabakinyi bakina hanze# Indundi Sports | Indege imwe muri zitatu niyo izotwara intamba muri...

# Indundi Sports | Indege imwe muri zitatu niyo izotwara intamba muri Mauritania

Ku musi wa Gatandatu igenekerezo rya 24 Gitugutu 2020, niho uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Umukenguzamateka Réverien Ndikuriyo yandika ku rubuga ngurukana bumenyi rwiwe rwa Facebook asaba abakunzi b’umupira w’amaguru ko bokwitegurira guherekeza Intamba mu rugamba muri Mauritania.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu BURUNDI rikaba ririko riravugana n’amashirahamwe 3 y’indege mu karere kugira kuri uyu wambere hamenyekane IYIZORERURA INTAMBA MU RUGAMBA kuva BUJUMBURA GUSHIKA NOUAKCHOTT ndetse no KUGARUKA BUJUMBURA.
1) ETHIOPIAN ( B737-800)
2) KENYA AIRWAYS (B737-800)
3) AIR TANZANIA ( A220-300)

Abashaka guherekeza umurwi W’IGIHU, bokwishikira aho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu BURUNDI rikorera kugira bamenyeshwe ibiciro n’ibindi bisabwa.

Reverien Ndikuriyo akaba yanamenyesheje n ‘imyiteguro aho igeze agira ati:

” ZARITEGUYE ZIZOBIKORA, TURIKUMWE TWESE BIRASHOBOKA ”

Intamba mu rugamba zikaba zizokina urukino rwo gutangura na Mauritania iwabo igenekerezo rya 11 Munyonyo 2020 , mugihe urwo gusubiriza izorukinira ibujumbura igenekerezo rya 15 Munyonyo .

 

- Advertisment -

Must Read

Musongati Day | Double Jay niwe azoteramisha abanya Gitega mu rukino...

0
Mu gisagaca ca Gitega umugwa wa Poritike hagiye kwaka umuriro bivanye n’ingene ibirori vyo kwerekana abakinyi ba Musongati bashasha biriko bitegurwa. Ku musi wa gatandatu...