5.5 C
New York
Thursday, May 6, 2021
Home abakinyi bakina hanze Iry Tina niwe mwigeme yatahukanye MISS GLOBE AFRICA 2020

Iry Tina niwe mwigeme yatahukanye MISS GLOBE AFRICA 2020

Ni ibidasanzwe kubona umurundikazi atahukanye miss Globe, Iry Tina yerekanye ko vyose bishoboka.

Kuri uyu wa gatatu , igenekerezo rya 29 gitugutu 2020 niho MISS GLOBE yaramutse ikeza umurundikazi Irène Laura Uwimana azwi kw’izina rya Iry Tina Da Queen kuba yatsindiye ikamba rya MISS GLOBE AFRICA 2020.

MISS GLOBE rikaba ari ihiganwa rihuza abigeme baserukira ibihugu bitandukanye vyo kw’isi yose kandi rikaba ryari ihiganwa rigira mirongo ine na gatandatu “46th MISS GLOBE NOMINEES.”

Iry Tina akaba yatahukanye iryo kamba mu bigeme benshi bari bahurikiye mu migwi 18 yose yari igizwe n’abigeme 6 ariko we ari mu migwi wa 17 .

MISS GLOBE AFRICA 2020 rikaba atariryo kamba ryambere Iry Tina atahukanye kuko asanzwe yaratahukanye ikamba rya MISS PLANET INTERNATIONAL Burundi 2019 ryabereye mugihugu ca Cambdge.

Iry Tina Da Queen akaba aba mu gihugu kibanyi c’Ubuganda akaba kandi n’umuririmvyikazi arimba neza , amaze gukorana n’ibihangange mu muziki w’ubuganda nka Washington na Good Life .

Tina akaba kandi ari umuririmvyikazi wambere w’umurundi amaze gukwiza views zingana n’umuriyoni kurubuga rwa YouTube biciye ku ndirimbo yiwe yise “Hold Me”

Indundi Magazine ikaba imukeje cane yongera inamutera intege zo kuguma yerekana urukundo afitiye igihugu ciwe c’amavukiro mu kubandanya agiserukira mu mahiganwa mpuzamakungu.

Must Read

Indundi Sports | Bigirimana Abedi niwe yafashije Kiyovu Sports gutsinda Rayon...

0
      Umukinyi wo hagati w’umurundi Bigirimana Abedi ahejeje guhesha intsinzi umugwi wiwe wa Kiyovu Sports.   Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 05 Rusama 2021 ,...