5.5 C
New York
Wednesday, January 27, 2021
Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports| Saido Berahino yerekana icizere co kuzokwitwara neza mu...

# Indundi Sports| Saido Berahino yerekana icizere co kuzokwitwara neza mu rukino rwa Mauritania

 

 

ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 31 Gitugutu 2020, niho umugwi Charleroi Sc ukinamwo Kizigenza w’Intamba mu rugamba Saido Berahino wari wakiriye umugwi Cercles Bruges mu rukino rw’indwi ya 11 rw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu bubirigi Jupiler Pro. Urwo rukino rukaba rwararangiye Charleroi itsinze Cercles Brudges ibitsindo 3-0.

muri ivyo bitsindo 3 harimwo igitsindo ca Kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino igitsindo yinjije ku munota wa 58 agume yerekana icizere co kwitwara neza mu nkino zibiri zigiye guhuza Uburundi na Mauritania ku magenekerezo ya 11 na 15 muri uku kwezi kwa Munyonyo.

Mu nkino zibiri amaze gukina muri Charleroi amaze gutsinda ibitsindo 2 muri kino gihe akaba asanzwe afise ibitsindo 4 mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’ububirigi .

Mwomenya ko uwo Charleroi yaciye ugaruka mu kibanza ca mbere mu rutonde rw’imfata kibanza n’amanota.

 

Must Read

Inyuma y’ubugeni bwa Kigingi ngo n’ukwerekeza muri Canada

0
  Umukunzi wa Kigingi yabajijwe ibibazo bitari bike ku rubuga rwiwe rwa Instagram. Muri ivyo bibazo, hagumye hagarukamwo ikibazo c’urukundo rwiwe na Mugenzi Aubin benshi...