5.5 C
New York
Tuesday, May 11, 2021
Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports| Umubabaro ni mwinshi ku bakunzi b’intamba kumvo z’uko batazorera...

# Indundi Sports| Umubabaro ni mwinshi ku bakunzi b’intamba kumvo z’uko batazorera urukino rwa Mauritania

 

 

kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 05 Munyonyo 2020, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa CAF bamesheje ko inkino z’imigwi nserukira gihugu zizoba muri uku kwezi kwa Munyonyo zo kurondera itike ryo gukina inkino zanyuma za AFCON zizoba atabarorerezi mu ntumbero yo kwingira Coronavirus .

Ivyo bikaba vyaciye biboneka ko mu nkino zibiri Uburundi bugiye gukina na Mauritania muri uku kwezi ata murorerezi yemerewe kwinjira mu kibuga ibiriko bibabaza cane abakunzi b’intamba mu rugamba .

Bikavurwa ko urukino rwo gusubiriza abarorerezi bashobora kurubonera kw’imboneshakure y’abafaransa CANAL+ .

Intamba mu rugamba zikaba zizohaguruka i Bujumbura zigana muri Mauritania ku musi wa mbere igenekerezo rya 09 Munyonyo 2020.

Indundi  Sport ikaba itegekanya uburyo bwo kumenyesha urwo rukino abakunzi bayo haba mu mashusho na audio ku mwanya ku mwanya.

 

Must Read

Imyaka 40 irarumanye umwami wa Raggae yitavye Imana

0
Hari kuwa 11 Rusama 1981 aho umwami wa Raggae Robert Nesta Marley yarazwi cane nka Bob Marley yitaba umuremyi asiga mu gahinda abakunzi b’ibikorwa...