Inkino

Messager izohura na Bouffaloes mu gihe Musongati izohura na Green Eagles

 

kuri uyu wa mbere w’ igenekerezo rya 09 Munyonyo 2020, niho hamenyekana ingene imigwi izohura muri CAF Champions league, hamwe na CAF Confederation Cup .

Umugwi Messager Ngozi wafashe ikibanza ca mbere muri Primus league 2019- 2020 , uzohura na Young Bouffaloes yo mu gihugu ca Swaziland mu nkino za mbere z’imigwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo(CAF Champions league) , mu gihe umugwi Musonga Fc nawo watwaye igikombe c’umukuru w’igihugu w’igihugu c’umwaka wa 2019-2020 , uzohura na Green Eagles wo mu gihugu ca Zambia .

Mwomenya ko iyo migwi muri Primus league yo muri uno mwaka wa 2020-2021, itariko iritwara neza aho  Messager Ngozi uri mu kibanza ca 11, mu gihe umugwi Musonga Fc uri mu kibanza ca 7.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 66