5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
HomeBurundiHaraye hugawe kumvo zo kutubahiriza amategeko

Haraye hugawe kumvo zo kutubahiriza amategeko

Musitanteri wa komine Mukaza iri mu gisagara ca Bujumbura yaraye yugaye ubunywero buri mu gisagara ca Bujumbura kumvo z’uko butubahirije amategeko abugenga.

Nk’uko biri mu rwandiko inomero 531.018.02/294CMK/20202 rwo kuwa 10 Munyonyo uwu mwaka, Sindayihebura Rénovat Musitanteri wa komine Mukaza yaruteyeko umukono, amenyesha ko ubunywero SKY BAR bwugawe mu kiringo kingana n’imisi indwi kuko butashoboye kwubahiriza itegeko ryo kwugara kw’isaha zine z’ijoro nk’uko bitegekaijwe n’amategeko.

Sindayihebura amenyesha ko ubwo bunywero bwagumye bwiyumanganya incuro atari nke bwasabwe kwubahiriza amategeko canecane ku misi ya gatanu, ya gatandatu n’uwa Mungu iheze.

Ubwo bunywero ngo bukaba buzosubira kwugururwa nyenebwo arishe ihadabu hamwe n’ugutera umukono ku masezerano y’uko butazosubira kurenga amategeko agenda ubunywero n’ubutambiro.

- Advertisment -

Must Read

Africa Nova agiye gusubira kuryohera abamukunda

0
Indirimbo zitari nke za Africa Nova zakunzwe haraheze igihe kitari gito, ziriko zirasubirwamwo. izo ndirimbo zikaba ziriko zisubirwamwo n'uwo muririmvyi nyene. Imwe muriyo ni Mwiriwe...