5.5 C
New York
Sunday, January 23, 2022
HomeBurundiBimwe mu bibazo amahinguriro yo mu Burundi afise

Bimwe mu bibazo amahinguriro yo mu Burundi afise

Umuyagankuba udakwiye neza n’ubukene bw’amafaranga mvamakungu ni bimwe mu bibazo amahinguriro yo mu Burundi afise.

Ivyo ni ivyaraye bishikirijwe na Olivier Suguru arongoye urunani rw’abafise amahinguriro mu Burundi, AIB, hari mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 13 Munyonyo 2020.

Olivier Suguru yashikirije ko ayo mahinguriro aterera k’urugero rwa 17 kw’ijana rw’umwimbu wose (PIB) agakoresha abakozi bari ku rugero rwa kabiri kw’ijana.

Abishikirije mu gihe yariko amenyesha ko hagiye kuba ihayanisha gurishwa (salon industriel) rigira gatatu kw’igenekerezo ya 17 gushika ku rya 19 Kigarama uyu mwaka.

- Advertisment -

Must Read

Muri Amerika abakozi batari bake ngo baranse gusubira ku buzi

0
Ibice 7 kw'ijana vy’abakozi muri Reta zunze ubumwe za Amerika ngo baranse gusubira mu kazi kuva aho ama Business asubiriye kandi kwugururwa, nayo abakozweko...