5.5 C
New York
Tuesday, January 19, 2021
Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Kashindi Joseph wa Vital’o yabuze Se amuvyara

# Indundi Sports | Kashindi Joseph wa Vital’o yabuze Se amuvyara

 

Umukinyi w’inyuma wa Vital’o Fc Kashindi Joseph yakinye urukino rwo ku musi wa kabiri rwahuje Vital’o Rc hamwe na Olympic Stars rwabereye i Muyinga mugihe yari yabuze se wiwe.

Fock Bitita Se wa kashindi Joseph yitavye Imana ku musi w’Imana igenekerezo rya 15 Munyonyo 2020, ahitwanye n’urupfu giturumbuka , akaba yashinguranywe iteka kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 18 Munyonyo 2020, mu gihugu ca Congo .

Yitavye Imana asize umugore n’abana 5 , abahungu 2 hamwe n’abakobwa 3.

Fock Bita akaba yigeze gukinira Musongati Fc wo mu Ntara ya Gitega bikavurwa ko yari no mu bakinyi ba kera buwo  mugwi bawutsindira ibitsindo vyinshi.

indundi Sports ikaba ihojeje umuryango wa Kashindi Joseph na  Vital’o Fc.

 

Must Read

Umurundi Didier Touya agiye gukinira umugwi wa Mbeya City wo muri...

0
Umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania wamaze kugura umukinyi w‘umusatirizi w’umurundi Dider Touya yigeze gukinira umugwi LLBS4A. Didier Touya akaba agiye...