5.5 C
New York
Monday, January 25, 2021
Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports| Simba Sc yatanguye kurondera Saido Ntibazonkiza

# Indundi Sports| Simba Sc yatanguye kurondera Saido Ntibazonkiza

 

Umugwi Simba Sc wo mu gisagaraca Dar es salaam waciye inyuma Yang Africans yari imaze gusinyisha Saidi ntakibazonkiza utangura ibiganiro n’uwo mukinyi.

Amakuru twakuye muri Tanzania kuri Mwanaspoti aremeza ko bamwe mu bayobozi bakomeye mu mugwi Simba Sc baganiye na Saidi Ntibazonkiza kugira bamenye amasezerano ari hagati yiwe na Yang Africans maze nawe ababwiza ukuri anaja kubibwira abarongozi ba Yang Africans.

Saidi Yashize umukono ku masezerano yo gukinira Yang Africans mu kwezi guheze akaba yitezwe kwiyunga na Yang Africans mugihe c’igura n’igurishwa rizokugururwa igenekerezo rya 15 Kigarama 2020.

Mu kiyago gito Mwanaspoti yagize na Saidi Ntibazonkiza yavuze ko iyo uri umukinyi akomeye mu mupira w’amaguru kuronderwa ari ibintu bisanzwe .

Akaba yagize ati “ Mu mupira w’amaguru iyo uri umukinyi akomeye kuronderwa ni ibintu bisanzwe ndabimenyereye ndindiriye Yang Africans bambwire umusi nzokwerekeza muri Tanzania”

Mwomenya ko Saidi Ntibazonkiza kuvaho agarukiye mu Ntamba mu rugamba mu nkino 3 amaze gukina amaze gutsinda ibitsindo 4.

 

Must Read

Fiston Abdoulrazaq yavuze icatumye aja gukinira Yanga Africans amezi 6

0
Inyuma yo gushira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi Yang Africans wo muri Dar es salaam mu kiringo c’amezi 6 Fiston Abdoulrazaq yashize ahabona...