5.5 C
New York
Wednesday, January 20, 2021
Home Burundi Imyavu ngo ishobora kuba isoko ry’iterambere

Imyavu ngo ishobora kuba isoko ry’iterambere

Abajejwe intwaro ngo bakwiye gukurikirana ingene imyavu yegeranywa kugira ntitere indwara ahubwo ibe isoko ry’iterambere.

Ivyo ni ibishikirizwa na Jérémie Nkinahatemba, umuyobozi mukuru w’ibidukikije, amazi n’ isuku mu bushikiranganji bujejwe ibidukikije, akaba yabishikirije mu ruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku kibazo co gutunganya neza imyavu rwabereye ku cicaro c’ikigo CEPRODILIC.

Nkinahatemba abishikirije mu gihe ivyigwa vyerekana ko ibice 15% vy’imyavu vyonyene arivyo bishika mu kibanza cabigenewe co ku Mubone na Buterere i Bujumbura, ibice 95% navyo bigakwiragira mu mazi akoreshwa mu buzima bwa misi yose .

Kubwa Emanuel Irumva arongoye ikigo CEPRODILIC, imyavu ngo aho kubona ko ari ingorane ahubwo irashobora kuzana iterambere, ikavamwo nk’umuyagankuba, ama pavées n’ibindi.

Must Read

Kigali yasubijwe muri Gumamu rugo ( Lockdown )

0
  Guhera kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 19/1, Kigali yose yasubiye kandi muri Guma mu rugo, intandaro n’ibitigiri bibandanya biba vyinshi vy’abagwaye COVID-19 bibandanya...