BurundiEntertainmenthomepagekirundikirundi_SportsmusicUncategorized

Abatari bake bibajije nimba Natacha yavuga gusenga, canke yafobetse

Mu giswahiri umuririmvyi Natacha yaraye yanditse ko arindiriye umugabo ngo batangure gusenga. Kwoba kwari ugusenga nyene canke yari imvugo mfobeko isobanura ikindi? Ico nico caraye kibaye ikibazo gikomeye cahuje abarenga 200 bagize ico bashikiriza kuri urwo rubuga rwiwe.

Bamwe muribo bakaba bafashe ijambo ugusenga nk’aho yashatse kuvuga ibanga ry’abubatse. Uwabishikirije yavuze ko iyo mvuga ariyo bakoresha mu gihugu ca Kenya aho hakuvuga guhura mu buryo bw’umubiri, bahitamwo kuvuga gusenga.

N’ugutebura kwinshi, abatari bake mu bakurikirana urwo rubuga rwa Facebook rwiwe, bamwe bamubajije inyuma y’ugusenga igica gikorwa. Abandi bamusaba kubasabira ngo nabo baze baronke abo basengera hamwe, n’abamubaza ko bahava bacumba canke bazunza inyuma y’ugusenga ntibabuze.

Muri izo Comment zitari nke zabonetse, twabashije kubona yishura abantu nka 2 canke 3 gusa. Abo babashije kugira ico bashikiriza bakaba bari bavuye mu barenga 60,000 bamukurikira kuri urwo rubuga, muribo kandi hakaba habonetse gushika twandika ino nkuru abarenga 2,200 bakunze, batwenze n’abatangajwe n’ayo majambo yabasangije.

Natacha akaba atagaruka ngaho gusa, kuko kuri Instagram naho twabashije kubona izindi Post zirimwo iyo yashize kuri Facebook, naho akaba abandanya kuryohera abarenga 1,300,000 bamukurikirana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 447