5.5 C
New York
Sunday, October 24, 2021
Homeabakinyi bakina hanze# indundi Sports | Jimmy Ndayizeye ngo Saidi Ntibazonkiza niwe azoheka Yanga...

# indundi Sports | Jimmy Ndayizeye ngo Saidi Ntibazonkiza niwe azoheka Yanga Africans

 

Umumenyereza mukuru w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Jimmy Ndayizeye yavuze ko umukinyi w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza niwe azoheka umugwi Yang Africans mu nkino zitandukanye bivanye n’ubuhinga bwiwe bwo mu kibuga.

Saidi Ntibazonkiza akaba ari umukinyi wa Yang Africans inyuma yo gushira umukono ku masezerano yo kuyikinira ku kiringo c’umwaka n’igice .

yang Africans ikaba ironse umukinyi mwiza agiye kuyifasha ibitari bike kuko mu nkino 3 amaze gukinira Intamba mu rugamba inyumayaho agiriwe ikigongwe amaze gutsinda ibitsindo 4 ndetse no muri ivyo bitsindo yinjije harimwo igitsindo kimwe kiri mu bitsindo 10 vyiza CAF yatoye ko ari ibitsindo vyiza gusumba ibindi mu nkino zo kurondera itike rya CAN 2022.

Saidi Ntibazonkiza akaba yitezwe gushika muri Tanzania mu mugwi Yang Africans igenekerezo rya 15 Kigarama umwaka 2020.

 

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Ni igiki coba catumye Ferouz Haruna asubirira...

0
Haciye imisi uwahora ari umumenyereza mukuru wa Flambeau de l’Est Kabera Christian batazira Morinho yirukanwe muri uwo mugwi . Amakuru yashikiriye Indundi Sports ariko ataremezwa...