5.5 C
New York
Monday, January 18, 2021
Home Uncategorized Success: Mbega weho ku bwawe succès ni iki? Ni ukugira amafaranga...

Success: Mbega weho ku bwawe succès ni iki? Ni ukugira amafaranga menshi?

Abandi banditsi batandukanya bagiye bariyumvira définition boha ijambo “succès” basanga  ntivyoroshe. Nk’uwitwa Jim Rhon mu gitabo yanditse citwa’ 7 Strategies for Wealth and Happiness” amenyesha ko Succes ari “paradox”. Mu majambo avunaguye kuri we ngo ” “succès” ari ubushobozi bw’ukubaho  ubuzima bwawe uko wifuza ‘ Making your life what you want it to be for you”( page 17).

, Uwitwa Brian Tracy nawe mu gitabo yise ” The power of self-discipline” amenyesha ko, succes, ari umbushobozi ufise, bw’ukubaho ubuzima bwawe nk’uko uvyifuza, ukora ivyo wifuza, ugakorana n’aba witoreye, muri situation wewe nyene witoreye. ‘  “being able to live your life in you own way, doing only those things that you want to do, with people who you choose , in the situation you desire” ( page 23).

Ariko abandi beshi bahurira ku ciyumviro y’uko, succés ari ahubwo urugendo. Nko mu gitabo canditswa na John C Maxwell, citwa ” Your Road Map to succes “ ku rupapuro rwa 11″ Success is knowing your purpose in life, growing to reach your maximum potential , and sowing seeds that benefit others”. Aha rero wewe agashira akamaro kanini k’ukubaho uzi intumbero y’ubuzima bwawe, uzi ico waje kuzoshikako hano kw’isi, maze ugaheza ugaca ukora ibintu vyose bishoboka buri musi bikujana kuzoshika kuco wifuza

Abanditsi besnhi rero biyumvira kuri ” succès” bntibashaka guhagarara ku kijanye n’amafaranga nk’uko umengo niwo munezero. kimenyetso ca succès,

Ariko  mu gitabo yanditse citwa ” Think and Grow Rich ” uwitwa  Napoleon Hill ntiyayivugije yayiciye umurya!

Agira ati, mu kiringo udafuise  mu bubiko bwa Banki ikigega kibogaboga  agafaranga , uba urushwa agaciro n’ivyondo ngaha kw’isi. ” A man is considered less than the dust of the earth, unless he can display a fat bank account.”

Mbega weho ku bwawe succès n’iki?

Must Read

Umurundi Didier Touya agiye gukinira umugwi wa Mbeya City wo muri...

0
Umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania wamaze kugura umukinyi w‘umusatirizi w’umurundi Dider Touya yigeze gukinira umugwi LLBS4A. Didier Touya akaba agiye...