5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
HomeBurundiDiaspora News : Dusenge Ketty Ange asubiye guserukira Uburundi mw’ihiganwa mpuzamakungu

Diaspora News : Dusenge Ketty Ange asubiye guserukira Uburundi mw’ihiganwa mpuzamakungu

Abicishije kumbuga ziwe, ni Dusenge Ketty Ange yatumiriye abarundi n’abarundikazi kumushigikira mu kumutora kuba umunyamideri w’umwaka aho yanditse ubutumwa agira ati:

“Nitwa DUSENGE Ketty Ange nsanzwe ndi umunyamideri w’umurundikazi, nkaba ari jewe ntwara Brand y’impuzu yitwa KETANGE, nkaba ndi mw’ihiganwa ryo gutora umunyamideri w’umwaka (Styliste de l’année) yateguwe na Afro Award 2020.

Iconsaba abarundi n’abarundikazi aho bari hose ni ukunshigikira mukumfasha gutora KETANGE DESIGN kugire ndonke amahirwe yo gutsinda iryo higanwa.

Mu gutora bafyonda hano 👉🏽 https://strawpoll.com/9zujwyg6f ,bagacagura KETANGE DESIGN hanyuma bagafyonda musi ahanditse “vote”, baca babereka ko bahejeje gutora.
Gutora bitwara 5 sec.”

Aho yarangije yibutsa ko ayo matora agiye guhera aho bukera itariki 27/11/2020, uwatsindiye iryo higanwa akazomenyeshwa bukeye bwaho itariki 28/11 mu gisagara ca Moscou mu gihugu c’Uburusiya.

Aho tworangiza tubibutsa ko kuva mu kwezi kwa Ruhuhuma umwaka wa 2016 atanguye kwitwa umunyamideri amaze kuronswa ubushimwe bubiri
Aho aka mbere yakaronse mu mwaka w’ibihumbi bibiri n’umunani 2018 nka Bonne Représentation du Pays, nayo aka kabiri akaronka muri uyu mwaka w’2020 nka Young Entrepreneur of the Year 2019.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...