5.5 C
New York
Saturday, January 16, 2021
Home Burundi Indirimbo za Big Fizzo zisigaye zivuzwa mu nsengero

Indirimbo za Big Fizzo zisigaye zivuzwa mu nsengero

Indirimbo za Mugani Desire ngo zisigaye zivuzwa no mu rusengero, ivyo n’ibishikirizwa na bamwe mu bakunzi biwe ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Mu gihe aheruka gushira ahabona inkurikirane 2 zari zatebejwe gatoya kubw’imvo tutabashije kumenya, hari umwe mu bafana biwe yamenyesheje ko muri Zambia indirimbo za Big Fizzo zisigaye zivuzwa mu nsengero.

Ivyo uwo mukunzi wiwe yashikirije kuri urwo rubuga mu rurimi rw’incongereza, twobisigura mu Kirundi ngo : “Indirimbo zawe ngaha I Lusaka turazivuza mu rusengero. Tuzokwama tugukunda wewe papa w’umuziki wa Buja Fleva.”

Naho wumva we yemeza ko indirimbo bazivuza mu nsengero, abandi nabo bahavuye bamutwenga, bamubaza urusengero bazivuzamwo urwarirwo, ikibazo atahavuye yishura.

Ivyo bikaba vyabaye mu gihe uwo muririmvyi Big Fizzo yari yashize kuri urwo rubuga rwiwe Cover y’izo nkurikirane uko ari 2. Iyo Cover ikaba yashizwe kuri urwo rubuga kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 23/11 isaha y’indwi z’umuhingamo.

Izo nkurikirane, “ Desideratus na Legendary ”, nkuko twabashije kubibona zigizwe n’indirimbo 14 zirimwo izo abatari bake bari bamaze kwuva kuko zari zarasohotse zinakorerwa amasanamu ariko hari n’izindi atawari wazice n’ikanda. Izo ni nka ADONAI yakoranye Big Zoe hamwe na Prince Mushindi, nayo ikaba iza mu kibanza ca 17 mu rukurikirane Legendary.

Must Read

Diamond ngo yari umwana w’umuzanano, bishoboka ko arico gituma atafashije uwo...

0
  Bwabundi ngo Diamond Platnumz n’umwana w’umuzanano, ngo s’uwa Mzee Abdoul Juma yarasanzwe azwi ko ariwe se amuvyara. Iyo ikaba ariyo nkuru igezweho muri ino...