5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
Homeabakinyi bakina hanze# Indundi Sports| Umurundi niwe agiye kumenyereza Azam Fc vy’imfatakibanza

# Indundi Sports| Umurundi niwe agiye kumenyereza Azam Fc vy’imfatakibanza

 

Umugwi Azam Fc wasezereye uwahoze ari umumenyereza wawo mukuru Aritstica Cioaba n’uwundi yama akoresha imyimenyerezo yo kugorora imitsi.

Azam Fc yahisemwo gusezerana nabo bamenyereza bamaze kwumvikana kumpande zose zibiri.

Umumenyereza w’umurundi ariwe Vivier Bahati yari asanzwe ari icegera c’umumenyereza Aristica Cioaba niwe agiye kuba umumenyereza mukuru wa Azam Fc vy’imfatakibanza mu ntumbero yo kuba bararondera uwundi mumenyereza.

Azam Fc mu rukino ruheruka yatsinzwe na Yang Africans igitsindo 1-0 ku kibuga cawo kiri i Dar es salaam ahitwa Chamanzi ivyatumye barekura ikibanza ca mbere.

Ubuyobozi bwa Azam Fc bukaba buvuga y’uko naho ku mpande zose zibiri bumvikanye ingene bahagarika amasezerano ukuri ni uko babonye y’uko umugwi wabo utariko uritwara neza bitandukanye naho hambere .

Vivier Bahati umurundi agiye kumenyereza uwo mugwi vy’imfatakibanza akaba yamenyereje imigwi ya hano iwacu nka les Lierres , Nile Olympic , Dynamic hamwe na Musongati Fc.

 

- Advertisment -

Must Read

Africa Nova agiye gusubira kuryohera abamukunda

0
Indirimbo zitari nke za Africa Nova zakunzwe haraheze igihe kitari gito, ziriko zirasubirwamwo. izo ndirimbo zikaba ziriko zisubirwamwo n'uwo muririmvyi nyene. Imwe muriyo ni Mwiriwe...