5.5 C
New York
Friday, January 22, 2021
Home Burundi Rwa rukurikirane rwa Mkomboz ngo rwamaze kurangira

Rwa rukurikirane rwa Mkomboz ngo rwamaze kurangira

Za ndirimbo zibwa muri Tanzania, zishobora kuba zamaze kuboneka. Igituma nuko umuririmvyi Nzeyimana Thomas benshi bazi nka Mkomboz abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook yamenyesheje ko urwo rukurikirane rwamaze guhera.

Urwo rukurikirane nkuko yabandanije abishikiriza, ngo rwakozwe n’abahinyanyuzi batandukanye barimwo abo muri Kenya, muri Tanzania hamwe n’abo muri Uganda. I Logos, S2kizzy, Sheddy  Clever Touch hamwe na Sirdanny Magic.

Bakoresheje indimi zitandukanye, abakurikirana imbuga gurukanabumenyi z’uwo muririmvyi berekanye inyota n’igishika bafitiye izo ndirimbo z’uwo muririmvyi amaze igihe indirimbo ziwe zisa nkaho zidakunzwe nkuko vyari ubwa mbere.

Aha mwomenya ko izo ndirimbo zitaramenyekana ubutumwa buzoba burimwo, mbere n’igitigiri c’indirimbo kizoba kiri muri urwo rukurikirane.

Must Read

Eddy Kamoso ngo ntaje gupima akarere, agarutse gukora umuziki

0
  Eddy Kamoso ngo yarabonye Imana ikora muri iyi myaka 5 iheze asubiye gukorera I Kigali, iyo ngo niyo mpamvu nyezina yatumye yandika indirimbo “Ndiho”...