5.5 C
New York
Monday, January 18, 2021
Home football Umuganga w’umuhisi yatanguye kugirirwa amatohoza

Umuganga w’umuhisi yatanguye kugirirwa amatohoza

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 30 Munyonyo 2020, abajejwe gutanga ibirego mu gihugu ca Argentine batanguye kugirira amatohoza umuganga w’umuhisi Diego Armando yitavye Imana ku musi wa gatanu uheze igenekerezo rya 26 Munyonyo 2020.

Igiporisi co mu gisagara ca Buenos Aires catanguye gusopa ivuriro ry’uwo mugabo Leopoldo Luque, naho ata kete arahabwa risaba kuja kwisigura.

Umuhisi Maradona yabazwe imitsi yo mu bwonko bivanye n’amaraso atatembera neza mu kwezi kwa Munyonyo 2020.

Ni umwe mu bihangange vy’abakinyi b’umupira w’amaguru yakoze amateka adasanzwe ari kumwe n’imigwi nserukira gihugu ya Argentine, Fc Barcelona hamwe na Napoli.

 

Must Read

Umurundi Didier Touya agiye gukinira umugwi wa Mbeya City wo muri...

0
Umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania wamaze kugura umukinyi w‘umusatirizi w’umurundi Dider Touya yigeze gukinira umugwi LLBS4A. Didier Touya akaba agiye...