africa newshomepagekirundi

Abaforomakazi bo muri Ghana bafise ikibazo c’ukubura abagabo

Abatari bake mu baforomakazi bo mu gihugu ca Ghana barafise ibibazo bikomeye bijanye n’ukutarongorwa, iyo ikaba ari imyidogo yashikirijwe na bamwe mu kiganiro bahawe n’ikinyamakuru FN News Room.

Muri ico kiganiro, abo bakobwa b’abaforoma bavuga ko ico bahorwa n’abagabo ari ukugayana hamwe n’ugufyina, ivyo bahakana. Ivyo navyo bakaba babimenye kubera iperereza ryakozwe na bamwe muribo.

Abo baforomakazi barahakana ivyo bagirizwa kuko bavuga ko batagayana ahubwo biyubaha kugira ntihagire uwubacishamwo ijisho, kandi bagakunda akazi kabo basanzwe barangura.

Ukwo kutabaha nirwere nkuko abo baforomakazi babishikiriza, ngo  bituma babandanya gusaza batagira icepfo ca ruguru. Abo bakobwa beza basanzwe bakora mu gisata c’ubuvuzi bavuga ko ni miburiburi nuko abagabo boha akaryo ko kubafasha gutera intambwe muri ico gikorwa co kubashira mu nzu.

“Twiteguye kurongorwa, ariko abagabo ntibaza ngo babidusabe. Baba Bashaka kwinezereza hanyuma bakigira. Ivyo twarabirenze. Ico dushaka co nyene n’ukurongorwa, s’ukwinezereza.” Vyashikirijwe n’umwe muri abo baforomakazi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55