5.5 C
New York
Sunday, October 24, 2021
HomeBurundiNziza Desire ariko akorera amasanamu y’indirimbo muri Bantu bwoy

Nziza Desire ariko akorera amasanamu y’indirimbo muri Bantu bwoy

Nkuko Nziza Desire yari yavyemeye mu mezi yahera aho twabasha gukorana ikiganiro ari mu gihugu kibanyi c’Urwanda, amashusho y’indirimbo nshasha ariko arakorwa hano iwacu. Ayo makuru tukaba tuyakesha imbuga ngurukanabumenyi za Facebook z’uwo muririmvyi nyene.

Nkuko ayo makuru abandanya avyerekana, uwo muririmvyi amasanamu y’indirimbo yiwe nshasha ariko ayakorana n’umuhinyanyuzi w’amasanamu wo muri Bantu Bwoy, John Elart.

Aho ni mu gihe amaze imisi akoze ubugeni, kuko cari kimwe muvyamushikanye mu gihugu inyuma y’imyaka irenga 10 atagihonyozamwo ikirenge. Nayo indirimbo yakoreye mu gihugu kibanyi c’Urwanda ikaba imaze kurabwa n’abarenga 6500 ku rubuga rwiwe rwa Youtube rwavutse muri uyu mwaka nyene mu kwezi kwa 5. Urwo rubuga rukaba rubarizwako indirimbo 3, zirimwo Rukundo Virus yasohotse haraheze indiwi 2.

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Ni igiki coba catumye Ferouz Haruna asubirira...

0
Haciye imisi uwahora ari umumenyereza mukuru wa Flambeau de l’Est Kabera Christian batazira Morinho yirukanwe muri uwo mugwi . Amakuru yashikiriye Indundi Sports ariko ataremezwa...