5.5 C
New York
Tuesday, January 26, 2021
Home abakinyi bakina hanze Olivier Niyungeko niwe yatahukanye agashimwe k’umumenyereza w’ukwezi kwa Munyonyo

Olivier Niyungeko niwe yatahukanye agashimwe k’umumenyereza w’ukwezi kwa Munyonyo

 

Ata gukekeranya umumenyereza w’umugwi Vital’o Fc akongera akaba icegera c’umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyingeko niwe yatahukanye agashimwe gasanzwe gatangwa na BCM Burundi nk’umumenyereza yigenjeje neza kurusha abandi mu kwezi kwa Munyonyo 2020.

Ako gashimwe k’umumenyereza gahora gatangwa buri kwezi yagatsindiye inyuma yo gutahukana amanota 12/12 mu nkino zine yakinye muri uko kwezi.

Iyindi migwi yamukurikiye yaronse amanota akurikira :

– Aigle Noir Cs 9/12
– Burundi Sport Dynamique 9/12
– Flambeau du Centre 8/12
– Rukinzo Fc 7/12

Ku musi ako gashimwe kazotangirwako muzobimenyeshwa hanyuma.

Mwomenya y’uko BCM Burundi izomuha agashimwe kangaha n’amafaranga ibihumbi ijana 100,000Fb hamwe na Trophé.

Indundi Sports ikaba ikeje Alain Olivier Niyungeko ingene yitwaye mu nkino zine ziheruka kuko ntiyegeze atazaka urukono na rumwe.

Must Read

Uku niko imigwi yatsindanye kundwi ya 18

0
Ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere Primus league mu mpera zino ndwi ryari ryabandanije kundwi yaryo ya 18. Uku niko imigwi yatsindanye : - Inter Stars...