5.5 C
New York
Tuesday, January 19, 2021
Home Burundi Bahamagirwa gukomeza amakomite bahurikiyemwo

Bahamagirwa gukomeza amakomite bahurikiyemwo

Urunani rw’amashirahamwe y’abakozi bo mu nzu be n’ayabakoresha babo CATED Burundi ruriyamiriza ubugizi bwa nabi bwo kwiba mu mazu no kunyuruza abana bikorwa na bamwe mu bakozi bo mu mazu.

Mw’itangazo ry’urwo runani, Serges  Ngendakuriyo asaba abakozi bo mu nzu gukomeza amakomite y’abakozi bo mu nzu ku mabarabara mu ntumbero yo kurereka izo nkozi zikibi zibinyegezamwo zibacapfuriza umwuga.

Yabishikirije inyuma y’aho igipolisi gitoreye umwana yari yanyurujwe n’umukozi wo mu nzu.

Uwo mukozi wo munzu akaba yisiguye avuga ko yabikoze mu kwerekana akababaro yari afise aho ngo yari aheraniwe amezi agera ku munani akora adahembwa agasaba agashahara kiwe kangana n’480.000.

Must Read

Umurundi Didier Touya agiye gukinira umugwi wa Mbeya City wo muri...

0
Umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania wamaze kugura umukinyi w‘umusatirizi w’umurundi Dider Touya yigeze gukinira umugwi LLBS4A. Didier Touya akaba agiye...