5.5 C
New York
Friday, January 22, 2021
Home Burundi Ikibazo ca Karim Babel coba kigiye gukemurwa?

Ikibazo ca Karim Babel coba kigiye gukemurwa?

Mu gihe haheze iminsi hari impari zidasanzwe zerekeye Karim Babel , aho bamwe n’abandi bibaza impamvu gushika ino saha , Karim Babel ataragenda kwivuza ,impari zateye ukutumvikana inyuma yaho comité ya Stand up for Karim Babel isavye ko amahera yahawe umuryango wiwe yosubizwa nimba badashaka kumurungika muri Kenya , bitako vyunyugwa n’amasanamu yerekana umuryango wa Karim uriko uriyamiriza ivyashikirijwe na Isaac Classic .

Kuri uwu wambere igenekerezo rya 7 kigarama , Abamenyeshamakuru b’akaranga (journalistes culturels) barongowe n’umukuru wabo Alain Nova bari bazindutse bugariza urugo rw’ umuryango wa Karim Babel , biyamiriza imvugo yakoreshejwe n’uwo mu ryango ityoza Abamenyeshamakuru mugihe aribo bafashe iyambere mu guhamagarira abantu gufasha Karim , bongera basaba kumenya impamvu Karim atararungikwa kuvuzwa .

Akikujwe n’abamenyesha makuru ,nyina na mushiki wa Karim barishuye kubibazo vy’abamenyeshamakuru , bongera basaba imbabazi .

Muri aya majambo bagira bati
“Ntawe twigeze dutuka ,nta n’umumenyeshamakuru twatutse atari Isaac .Turasavye imbabazi kubo twoba twarakoshereje . Ntitwigeze tuvuga ko ari aba isiramu gusa baduterereye. Twashimye kuzorungika Karim mu bubirigi kuberako hari umu dogiteri yadusezeranije kuzomwitaho akanamuvura neza. Muri compte twatororokanije amafaranga angana n’imiriyoni 75 z’amafaranga y’amarundi . Igitigiri c’amafaranga yo kumuvuza mu burayi n’icaba kirenga ayo dufise ubu , tuzomuvuriza ino canke muri Kenya.”
Zari zimwe mu nyishu zatanzwe n’uwo muryango Ku bibazo vy’abamenyeshamakuru.

Ariko nubwo vyabaye uko , hari abateye ivyatsi ingendo y’abo babimenyeshamakuru , bagira bati ,nta burenganzira bari bafise bwo gutera urugo rw’umuntu bakamufata amasanamu bayerekana ikibiriraho.

#diaspora News|Abatwa ntibakora umwuga wo kubumba inkono gusa

Must Read

#Diaspora|Inyuma y’ubugizi bwa nabi bwamushikiye Mkombozi aragarutse

0
Afise amazina menshi, ariko izina Mkombozi niryo ryashitse mu mitima yabantu rirabanyengetera kubw'amajambo y'ubuhanuzi ndetse n'ikirundi gisa n'icabagiranywe, ku ndirimbo z'ubutumwa burashe. Yamenyekanye cane mu...