5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
HomeBurundiFemi one agiye kugera mu kirenge ca Fally Ipupa

Femi one agiye kugera mu kirenge ca Fally Ipupa

Inyuma y’indirimbo yakoranye n’umuririmvyi w’umunya Kenya, Femi One, igiteramo kiriko kirategurwa ngo bikunde uwo muririmvyikazi w’umunya Kenya azoteramishe abarundi mu misi ya Vuba.

Isango ryashizwe ahabona n’igenekerezo rya 31/12, ikibanza bazokoreramwo ico giteramo ni kuri Club de Lac, aho bazoba barikumwe n’uwundi mu Dj w’umunya Kenya, hamwe n’umu dj wa hano iwacu.

Ivyo tukaba twabiheruka kuri Collabo yakoranye n’umuririmvyi w’umunye Congo, Fally Ipupa. Ico gihe akaba yakoranye nawe imisi mikeya gusa noneho aca aza gukorera igiteramo muri Club du Lac nyene. Iyo ndirimbo yiswe Duga ikaba imaze kurabwa n’abarenga 228,000 kuri Youtube, ikaba yasohotse  mu kwezi kwa 6 mu mwaka wa 2018.

Iyi ndirimbo yakoranye na Femi One ikaba itarashirwa ahabona, ariko ikinuganugwa co nuko yoba yaramaze kurangira, ahubwo isigaje kuja ahabona gusa. Ubwo izoba ajahoba ico gihe? Canke izoshirwa ahabona imbere gatoya? Nta na kimwe kiramenyekana.

Aha mwomenya ko uwo muririmvyikazi azoshika mu gihe Alikiba nawe azoba yakoze igiteramo kuri Noel, aho we afise ibiteramo 2.

- Advertisment -

Must Read

Africa Nova agiye gusubira kuryohera abamukunda

0
Indirimbo zitari nke za Africa Nova zakunzwe haraheze igihe kitari gito, ziriko zirasubirwamwo. izo ndirimbo zikaba ziriko zisubirwamwo n'uwo muririmvyi nyene. Imwe muriyo ni Mwiriwe...