5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
HomeBurundiIbitenge birenga 1800 vyafashwe n’ikigo OBR gifadikanyije n’igiporisi c’Uburundi

Ibitenge birenga 1800 vyafashwe n’ikigo OBR gifadikanyije n’igiporisi c’Uburundi

Ibitenge birenga 1800 vyafashwe n’ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR gifadikanyije n’igiporisi c’Uburundi kuri uyu wa mbere.

Ivyo bitenge bikaba vyafatiwe hafi y’igisata c’ishirahamwe Regideso gihingura amazi, nko ku kirometero uva ku kivuko ca Bujumbura.

Komiseri arongoye ico kigo Audance Niyonzima avuga ko vyazanywe n’ubwato 2 bivuye  mu gihugu ca Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, vyose hamwe bifise agaciro k’imiriyoni zirenga 50 z’amafaranga y’amarundi kandi ko bica bigurishwa icamunara, amafaranga ngo aca aja mu kigega ca Reta.

Mu gihe mu giporisi bamenyesha ko bariko barakora amatohoza kugira bene ibidandazwa bamenyekane, ikigo OBR gihamagarira abakora urwo rudandazwa rwo mu kinywabi kuvavanura narwo.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...