footballhomepageintamba murugambakirundikirundi_Sports

#Indundi Sports| Ikibuga Urunani carawe cugawe na FFB kumvo z’akajagari kabereyo

 

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 15 Kigarama 2020, niho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryandika ikete ryo kwugara ikibuga Urunani co mu Ntara ya Cibitoke mu kiringo kitaramenyekana.

Bumamuru Fc mu rukino rw’indwi ya 15 rwabahuje na Flambeau du Centre abarorerezi b’iyo migwi bitwaye nabi urukino rurangwa n’akajagari gushikaho umwe mu bakunzi ba Flambeau du Centre akomereka nk’uko twabisomye .

Amatwi adusumira ni uko hamaze gutangura amatohoza kuvyerekeye ivyabaye kuri ico kibuga Urunani.

Igisata kijejwe gutunganya amahiganwa muri FFB kirongowe na Youssuf Mossi kikaba kigiye gushikiriza amazina y’ibibuga Bumamuru na Les Elephats y’i Bubanza yari isanzwe yakirira kuri ico kibuga zizohora zakirirwako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 61