BurundiBusinessCuteEconomyhomepagekirundi

Aragabisha irya nyuma abaguma baduza ibiciro

Umushikiranganji w’Ubudandaji Immaculée Ndabaneze aragabisha ubwa nyuma abikika mu kiza mu kuduza ibiciro vy’isima.

Abicishije mw’itangazo yashize ahabona kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 21 Kigarama 2020, umushikiranganji w’ubudandaji Immaculée Ndabaneze amenyesha ko agabishije ubwa nyuma abadandaza bikika mu kiza mu kuduza ibiciro vy’isima.

Umushikiranganji Ndabaneze amenyesha ko umudandaza azofatwa azorihishwa amande ari hagati y’umuriyoni umwe n’imiriyoni zitanu hamwe n’iyugarwa ry’iduka yiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 339