footballkirundi_Sportsprimus ligue

Umuvyeyi wa Manager Mutima yaraye yitavye umuremyi

 

inkuru ibabaje Nsabimana Immaculée nyina wa Manager w’intamba mu rugamba Mutima Constantin yaraye yitavye Imana akaba ari nawe muvyeyi bari basigaranye.

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 19 Kigarama 2020 isaha zitanu n’igice 23h30 ku bitari vy’abasirikare biri ku Kamenge ( Hopita Militaire) niho Nsabimana Immaculée yitabiye Imana.

Immaculée akaba ahitanwe n’ingwara yari amaranye igihe kitari gito nk’uko vyashikirijwe na Manager Mutima Constantin.

Mwomenye y’uko Nsabimana Immaculée yitavye Umuremyi afise imyaka 77 , akaba asize abana 6 .

Umusi azoshinguranwa iteka nturamenyekana tukazobibamenyesha mu misi iri mbere.

indundi Sports ikaba ihojeje umuryango wa Manager Mutima Constantin .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23