5.5 C
New York
Sunday, October 24, 2021
HomeAgricultureAgriculture: Bongewe ikiringo co kuriha amafaranga y’ifumbire

Agriculture: Bongewe ikiringo co kuriha amafaranga y’ifumbire

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 23 Kigarama 2020, ubwo bushikiranganji bumenyesha ko bwongeye abarimyi ikiringo co kuriha amafaranga y’ibanze atanga uburenganzira bwo kuronka ifumbire kw’irima ry’impeshi y’umwaka w’2021.

Muri iryo tangazo, ubwo bushikiranganji bumenyesha ko ico kiringo congewe kugera kw’igenekerezo rya 22 Nzero 2021.

Ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije buboneraho gusaba bushimitse abajejwe intwaro n’uburimyi ku nzego zose, kubandanya bahimiriza abarimyi hamwe n’abahurikiye mu makoperative yo ku mitumba kwubahiriza ico kiringo congewe.

Mwomenya ko abipfuza kugura iyo fumbire ko basabwa kuriha ayo mafaranga babicishije muri Kopeke na Posita zibegereye canke bagakoresha bwabuhinga bwa none Lumicash na Icash yo muri Mutec, abari mu ntara za Gitega, Kayanza, Karusi hamwe na Cankuzo.

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Ni igiki coba catumye Ferouz Haruna asubirira...

0
Haciye imisi uwahora ari umumenyereza mukuru wa Flambeau de l’Est Kabera Christian batazira Morinho yirukanwe muri uwo mugwi . Amakuru yashikiriye Indundi Sports ariko ataremezwa...