africa newsBurundiEast Africa Newshomepagekirundi

Impunzi y’umurundi muri Kenya itanga akazi, ikanafasha kugwanya Corona Virus mw’ikambi ya Kakuma

Hampande yo kuba umwe mu batanga akazi mu gace aherereyemwo, Innocent Havyarimana n’umwe mu bafasha kugwanya ikiza ca Corona Virus mw’ikambi y’impunzi ya Kakuma muri Kenya.

Muri uno mwaka wa 2015, Innocent Havyarimana yakwije imyaka 5 yahungiye muri iyo kambi y’impunzi, akaba yahunze yahora yiga ivyigwa vya Chimie muri kaminuza y’Uburundi. Muri uwo mwaka nyene niho yashinga ihinguriro abanje kurondera ubumenyi biciye ku buhinga ngurukanabumenyi, no mu vyigwa bitandukanye.

Innocent uno musi afise abakozi 42 bakorana muri iryo hinguriro GLAP Industries rihingura amasabuni yashinze. Iryo hinguriro rikaba ryashinzwe kw’ideni yahawe n’incuti, ariko mu nyuma aza kwizerwa n’amashirahamwe atandukanye mpuzamakungu afasha impunzi, nayo amuha izindi ngurane.

Umwaka wa 2020 umaze kwinjiramwo, Corona Virus igashinga imizi hirya no hino kw’isi no muri iyo nkambi harimwo, yahisemwo kugabanya igiciro c’isabuni kuko yabonye ko akamaro ari ugufasha abadashoboye kwigurira iyo sabuni, no guha ku buntu iyo sabuni abatishoboye hamwe n’abagendana ubumuga.

Mu kiyago yagiranye na BBC dukesha ino nkuru yagize ati : “Uwo ari we wese arakeneye isabuni, ariko si bose bafise ubushobozi bwo kuyigurira. Nico gituma naciye manura igiciro, kuko nabonye ari vyiza gukingira aantu gusumba kwunguka vyinshi.”

Innocent n’abakozi biwe barimwo abanya Kenya aba inyuma y’ikambi ya kakuma yashinzemwo iryo hinguriro ry’isabuni.

Naho yagabanije ico giciro c’iyo sabuni, uwo mugwizatunga w’umurundi avuga ko atahomvye ahubwo ngo yungutse cane kuko vyabaye ngombwa ko agwiza igitiri c’amasabuni yakora kugira abayikeneye bayironke.

“Covid-19 yatumye nunguka cane kuko vyabaye ngombwa ko nduza urugero rw’isabuni nakora gushika ku bice 75% kugira abayikeneye bayironke. Gusa narumvise ko ba ntahonikora nk’abatama n’abamugaye noyibaha ku buntu.”

Ico gikorwa c’ukugabanya igiciro c’iyo sabuni kikaba gishimwa cane n’abatwara amashirahamwe afasha impunzi mu bintu bitandukanye. Bakaba banavuga ko bidatangaje, kuko ngo impunzi muri iyi kambi y’impunzi ngo barafashanya cane, na cane cane muri ibi bihe bitoroshe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 580