BurundiEntertainmenthomepagekirundimembers-membership-requestmusic

Ico Alvin Smith yahevye Nico R Flow yashizeko

Ubwo impinduka iheruka kuba ku mitwe y’abaririmvyi babiri, R Flow co kimwe na Alvin Smith boba hari ico boba barabiyazeko? Ico nico kibazo wokwibaza ari nka hamwe uri mu bakurikirana abo baririmvyi babiri, kuko ico umwe yaretse nico uwundi yahavuye yakira.

Ivyo tuvuga n’ama Dred Alvin Smith yakuye ku mutwe, mu gihe vyari bizwi ko yaramaze igihe kitari gito afise ama Dred adahindura. Ariko ubu ikimaze kuboneka ku mutwe wiwe nuko asigaye afise ibisuko nkuko urubuga rwiwe rwa Instagram rwabashije kuvyerekana kuko hari amashusho yiwe y’ivyo bisuko agize imisi akwirakwizwa kuri urwo rubuga.

Nayo R Flow akaba yashizeko Dred ku mutwe mu gihe vyari bimenyerewe ko uwo muririmvyi yakunda gusukisha umushatsi wiwe. Ivyo ugusuka kuri riche bikaba ari ibintu bisanzwe. Ariko we ku bantu bataramubona imbona nkubone, canke ngo babe basanzwe babona ivyo ashira kuri Status ziwe za Whatsapp, bakaba batarabasha kubona uko ubu ameze ku mutwe.

Hampande ya R Flow yashizeko Dred, na Big Fizzo nawe aheruka guhindura ashirako Dred nawe. We ariko bikaba bimaze imisi itari mike.

Ariko bose uko ari 3 bakaba basangiye ko izo Dred bafise canke bari bafise ku mutwe zitari iz’iwabo. Zikaba zishobora kuba ari inkorano, zivavuye mu mishatsi imwe abagore bakunda gusukisha, canke ari iz’uwundi yarafise noneho bakazigura bagashirako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 341