Inyuma yo gutanga imihoho kw’umumenyereza wa Musongati Fc Niyonkuru Jumaine mu misi iheze , uburongozi bwa Musongati Fc bwahisemwo Umumenyereza Jean de Dieu batazira DODI abe ariwe amusubirira.
Umumenyereza Jean de Dieu akaba afise impamyanyabushobozi ( Licence A) iri ku rwerwo rwa CAF, mu nkino za Caf Confederation Cup niwe yari nk’umumenyereza mukuru yariko arafasha uwo mugwi bivanye n’uko Niyonkuru Jumaine ata Licence A ya CAF yari afise .
Jean de Dieu akaba agiye kumenyereza Musongati Fc inyuma yo kumara amezi ata mugwi abarizwamo.
yigeze kumenyereza imigwi ya Kayanza United , Messager Ngozi , Ngozi City hamwe na Espoir Fc yo mu gihugu kibanyi c’Urwanda .
Akaba aje mu mugwi Musongati Fc uri mu kibanza ca 9 vy’imfata kibanza mw’ihiganwa rikuru ryo mu Burundi Primus league n’amanota 21 .