BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Nella Neth ngo yikundira Ubusa ya Big Fizzo

Ubusa akaririmbo ka Big Fizzo ngo niko karirimbo ka Big Fizzo akunda gusumba utundi. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Nella Neth ku rubuga rwiwe rwa Instagram rusanzwe ruri mu za mbere zikurikirwa cane z’abarundi.

Mu rukurikirane rw’ibibazo bitari bike uwo muvyeyi aba mu gihugu ca Sweden yabajijwe kuri urwo rubuga biciye mu gice ca Stories, yasabwe n’abamukurikirana ko yoja I Kigali, ngo ibintu bizoba bimeze neza.

Nella Neth azwi cane kuba yarakinye mu rukino rwitwa Umuco rwaca ku Mboneshakure y’igihugu, yavuze ko azoja I Kigali inyuma y’ibibazo vya Corona. Yagize ati : “Ooh mana yanje!!! Ntegerezwa kuza inyuma ya COVID turye show!!!! Ndakunda Kigali kandi mperukayo haraheze imisi itari mike.”

Nella Neth asanzwe ari n’umunyamideri, akaba akurikiranwa n’abantu barenga 100,000 ku rubuga rwiwe rwa Instagram. Akaba ari mu barundi bake bafise abantu bangana gutyo babakurikirana ku mbuga zabo za Instagram.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 60