5.5 C
New York
Sunday, October 24, 2021
HomeBurundiHakiriwe umugwi wa mbere w’abahungutse bavuye mu Rwanda

Hakiriwe umugwi wa mbere w’abahungutse bavuye mu Rwanda

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Nzero 2021 niho ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwugurura iyakirwa ry’abahungutse muri uno mwaka w’2021.

Imiryango 237 y’abahungutse niyo yakiriwe ku rubibe rwa Gasenyi Nemba muri komine Busoni ivuye mu gihugu c’Urwanda. Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi HCR rimenyesha ko uno mwaka wa 2021 hitezwe abahunguka bagera ku bihumbi 41 baciye kuri urwo rubibe.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu iterambere rusangi n’umutekano yabakiriye yamenyesheje ko mu gihugu cose hitezwe ibihumbi 140.000.

Martin Niyiteretse ahamagarira abo bose bahungutse kubana neza n’abandi no gukura amaboko mu mpuzu biteze imbere bateze imbere n’igihugu cabo.

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Ni igiki coba catumye Ferouz Haruna asubirira...

0
Haciye imisi uwahora ari umumenyereza mukuru wa Flambeau de l’Est Kabera Christian batazira Morinho yirukanwe muri uwo mugwi . Amakuru yashikiriye Indundi Sports ariko ataremezwa...