5.5 C
New York
Sunday, October 24, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeAmars Niyongabo niwe agiye kumenyereza Kayanza United

Amars Niyongabo niwe agiye kumenyereza Kayanza United

 

Inyuma y’ameze atari make ata mugwi abarizwamo, uwigeze kuba Umumenyereza w’intamba mu rugamba Amars Niyongabo agiye kumenyereza Umugwi Kayanza United .

Ayo makuru akaba yanditswe ku rubuga ngurukana bumenyi Facebook rw’umugwi Kayanza United wo mu Ntara ya Kayanza.

Amars afise Licence A ya CAF , akaba agiye kumenyereza Umugwi Kayanza United mu nkino zo gusubiriza z’ihiganwa rya Primus league 2020-2021.

Akaba agiye muri Kayanza United asubiriye Umumenyereza Joslin Bipfubusa yatanze imihoho mu misi iheze .

Mwomenya y’uko Niyongabo Amars amaze kumenyereza imigwi itari mike yo muri kano karere; ngaha iwacu yamenyereje imigwi ya Prince Louis , Athletico Olympic , Buja City , Inter Star , mu gihugu ca Congo yamenyereje umugwi Bukavu dawa , mu Rwanda yamenyereje Musanze Fc , muri Djibouti yamenyereje Ac Djibouti Telecom , mugihe muri Kenya yigeze kuba icegera c’umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu wa Kenya Adel Amrouch yigeze kumenyereza Intamba mu rugamba.

 

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Ni igiki coba catumye Ferouz Haruna asubirira...

0
Haciye imisi uwahora ari umumenyereza mukuru wa Flambeau de l’Est Kabera Christian batazira Morinho yirukanwe muri uwo mugwi . Amakuru yashikiriye Indundi Sports ariko ataremezwa...