Inkino

Imiriyoni 740 nizo zikenewe kugira ikibuga co ku Gasaka kirangire

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 07 Nzero 2021, Buramatari w’intara ya Ngozi Epipode Baranyikwa yakoresheje inama n’abaserukira ubuzi butandukanye mu Ntara ya Ngozi abasaba y’uko boterera kugira ngo ikibuga co ku Gasaka gishobora guherahezwa .

Buramatari w’intara ya Ngozi Epipode Baranyikwa yavuze y’uko hagikenewe imiriyoni 740 z’amarundi kugira ngo ibikorwa bisigaye bizobe vyarangiye.

Umuntu wese avuka mu Ntara ya Ngozi asabwa kugira ico akoze bivanye n’uko ico kibuga vyari bitegekanijwe y’uko giherahezwa mu mwaka wa 2013 muri kino gihe hari hageze ko gikorwa kikarangira kugira gishobore kwemererwa kwakira inkino.

Buramatari akaba asaba y’uko hoshika igenekerezo rya 01 Mukakaro 2021 ico kibuga co ku Gasaka kiri mu Ntara ya Ngozi kibe caherahejwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 514