5.5 C
New York
Saturday, January 16, 2021
Home abakinyi bakina hanze Saidi Ntibazonkiza yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze ukwezi kwa kigarama muri Tanzania

Saidi Ntibazonkiza yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze ukwezi kwa kigarama muri Tanzania

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Tanzania TFF ryatoye Umukinyi w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza nk’umukinyi yitwaye neza gusumba abandi mu kwezi kwa Kigarama .

Saidi Ntibazonkiza mu rukino rwiwe rwa mbere rw’ihiganwa yakinye muri Tanzania yashoboye gutsinda igitsindo ndetse aranatanga umupira uvyara igitsindo ( Assist) mugihe urukino rwiwe rwa kabiri yakinye yashoboye gutanga imipira 2 ivyara ibitsindo mugihe urwa gatatu narwo yashoboye gutsinda igitsindo co kugombora.

Mwomenya y’uko kuva aho Saidi Ntibazonkiza ashikiye muri Yang Africans mu nkino zose amaze gukina harimwo n’urukino rwa kivandimwe amaze gutsinda ibitsindo 4 atanga imipira 3 ivyara ibitsindo.

 

Must Read

Moustapha Francis yaguzwe na Costa Union yo muri Tanzania

0
Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Nzero 2021, niho Umukinyi w’umurundi Moustapha Francis Njali yaguzwe n’umugwi Costa Union wo mu gihugu ca Tanzania,...