Umukinyi w’intamba mu rugamba asanzwe akinira Yang Africans Saidi Ntibazonkiza amaze inkino zishika kuri 3 ataboneka mu kibuga.
Ku makuru twaronse ni uko uwo mukinyi amaze imisi yababaye bivanye n’uko yari amaze imisi ariko yitanga bimwe bikomeye , ivyanatumye atorwa nk’umukinyi yitwaye neza gusumba abandi mu kwezi kwa Kigarama.
Kuva aho ashikiye muri Yang Africans amaze gutsinda ibitsindo 3 ndetse aranatanga imipira ishika kuri 4 ivyara ibitsindo.
Bikavurwa y’uko uwo mukinyi mu rukino rwa nyuma rw’ihiganwa rya Mapinduzi Cup ririko ribera muri Zanzibar aho Yang Africans igiye gukina urukino rwa nyuma Finale na Simba Sc uwo mukinyi ashobora kurusiba narwo nyene neza na neza ashobora gusubira mu kibuga mu nkino z’ihiganwa ryo muri Tanzania VPL.