5.5 C
New York
Wednesday, May 12, 2021
Home abakinyi bakina hanze Kugira ugure Youssuf Nyange usabwa gutanga 1.200.000€

Kugira ugure Youssuf Nyange usabwa gutanga 1.200.000€

Ukuguma yitwara neza biriko bituma Ndayishimiye Youssuf Nyange aronderwa n’imigwi ikomeye Iburaya.

mu misi iheze harabonetse ibinyamakuriu bitari bike vyo mu gihugu ca Turquie vyaguma vyandika imigwi iriko iripfuza cane Umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Ndayishimiye Youssuf Nyange hamwe na Malatya Sport .

Ivyo binyamakuru vyavuze y’uko umugwi Galatasaray ari umwe mu migwi ikomeye mu gihugu ca Turquie woba wamaze gutangura ibiganiro n’umugwi Malatya Sport ukinamwo Ndayishimiye Youssuf Nyange .

Si Galatasaray wonyene imwipfuza Anderletch wo mu Bubirigi wowo umaze gutanga n’amafaranga kuri uwo mukinyi w’intamba mu rugamba Malatya Sport ukaramuka uyemeye bazoba batahukanye uwo mukinyi.

Nyange akaba asanzwe afitaniye amasezerano n’umugwi Malatya Sport gushika mu mwaka wa 2023 , Umugwi wose umwipfuza usabwa gutanga ama Euro 1.200.000 ( Clause Liberatoire) mugihe uwo mugwi waguze uwo mukinyi umukuye muri Aigle Noir utanga ama Euro 45.000€.

Mwomenya y’uko Ndayishimiye Youssuf Nyange ari nawe mukinyi wa mbere w’intamba mu rugamba asanzwe akina mw’ihigamwa rikomeye gusumba abandi.

Must Read

PLB : Uku niko imigwi izohura kundwi ya 28

0
Inyuma y’inkino z’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu, ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere Primus league rigiye kubandanya kundwi yaryo ya 28, igenekerezo rya 14 Rusama...