5.5 C
New York
Thursday, January 21, 2021
Home Burundi Kugira wakirwe utegerezwa kuba wambaye agapfukamunwa

Kugira wakirwe utegerezwa kuba wambaye agapfukamunwa

Mu ntumbero yo kurwanya igwirirkana ry’ikiza ca koronavirisi, ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bumenyesha ko kuva ubu, kwambara agapfukamunwa ari itegeko ku muntu wese aja gusaba ijambo.

Biri mu rwandiko rwasohowe na Mairie ya Bujumbura, kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 12 Nzero 2021.

Muri urwo rwandiko, Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana amenyesha ko umuntu wese azoba yipfuza kwakirwa arondera ijambo haba mu biro vy’uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura, mu biro vy’amakomine ndetse no muri zone iyariyo yose iri muri ico gisagara ko ategerezwa kuba yambaye agapfukamunwa, nayo uwuzoba atakambaye ngo ntazoheza ngo yakirwe.

Jimmy Hatungimana aboneraho guhamagarira umuntu wese yabonye canke yumvise ubu butumwa kubushikiriza abandi.

Must Read

Abagizi ba nabi 3 berekanwe n’igiporisi c’Uburundi

0
Igiporisi c'Uburundi cerekanye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Nzero 2021, abagizi ba nabi bafadikanije n’umugore wa nyakwigendera kubwicanyi bwabaye mwijoro ryo kuwa 24...