5.5 C
New York
Saturday, February 27, 2021
Home abakinyi bakina hanze Abakinyi ba Aigle Noir Jospin hamwe na Piclaire bagiye kwerekeza muri Turkia

Abakinyi ba Aigle Noir Jospin hamwe na Piclaire bagiye kwerekeza muri Turkia

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 16 Nzero 2021, uwashinze Umugwi Aigle Noir The Fighters Honorable Reverien Ndikuriyo yashikirije abakunzi b’inkino y’uko Umugwi Aigle Noir ugiye kurungika abakinyi bawo 2 mu gihugu ca Turkia akaba ari Nshimirimana Jospin hamwe na Irakoze Pilclaire.

Akaba yanditse kumbuga ngurukanabumenyi yiwe ya facebook agira ati : «Uburongozi bwa AIGLE NOIR C.S THE FIGHTERS bugiye kurungika abakinyi 2 mu gihugu ca TURKIA: NSHIMIRIMANA JOSPIN na IRAKOZE PICLAIRE.
Baza gufata indege kuri uno wa gatandatu berekeza TURKIA.

Tubipfurije urugendo rwiza.

Abandi bakinyi bariko bategurwa kugira mu kwezi kwa gatandatu bazobe bageze kurugero rushimishije nabo bashobore guhamvya abandi. Intumbeto rero ya AIGLE NOIR irabandanya: PROMOTION

🦅🦅🦅🦅🦅🦅🦅
💪💪💪💪💪💪💪
🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮 »

Mwomenya y’uko Irakoze Pilclaire yari asanzwe yatijwe mu mugwi Olympic Star w’i Muyinga mugihe Nshimiri Jospin wewe yari asanzwe akina muri Aigle Noir The Fighters muri kino gihe.

 

Must Read

Ado Josan na Big Fizzo boshobora gusubira mu kibanza ca Olegue

0
Indirimbo buca isohoka ya Adojosan na Big Fizzo yatanguye kumenyekanishwa kuri uyu wa kane amasaha yo mw’ijoro, ngo ije itorosha ibintu, mu gihe abantu...