5.5 C
New York
Sunday, October 24, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeAmissi Tambwe mu bihe vyiza muri Djibouti

Amissi Tambwe mu bihe vyiza muri Djibouti

Uguhabwa umwanya ukwiye mu mugwi Police Fc wo mu gihugu ca Djibouti biri mu biriko bituma umusatirizi w’umurundi Tambwe Amissi aguma yitwara neza .

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 16 nzero 2021, Umugwi Police Fc wari wakiriye umugwi Garde Team usanzwe uri mu kibanza ca mbere mu rukino rw’indwi ya 6 rw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Djibouti, urwo rukino rukaba rwarangiye Police Fc utsinze Garde Team ibitsindo 3-0 .

Muri ivyo bitsindo harimwo igitsindo 1 c’umusatirizi w’umurundi Tambwe Amissi ivyatumye akwiza ibitsindo 4 mu nkino 6 amaze gukina z’ihiganwa ry’icicaro ca mbere mu gihugu ca Djibouti.

Mu mugwi Police Fc akaba akina n’abandi barundi nk’umunyegori Arakaza Mac Arthur hamwe na Kaze Gibert Demunga.

Mwomenya y’uko Tambwe Amissi yigeze gukinira umugwi Vital’o Fc awandikamwo amateka adasanzwe mu kuwufasha gutwara ibikombe vya Primus league hamwe na CECAF Kagame Cup , yigeze no kwandikisha amateka adasanzwe muri Tanzania mu migwi ya Simba Sc na Yang Africans zo mu gisagara ca Dar es Salaam aho yigeze kuba umusatirizi yinjije vyinshi gusumba abandi incuro zirenga zibiri.

 

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Ni igiki coba catumye Ferouz Haruna asubirira...

0
Haciye imisi uwahora ari umumenyereza mukuru wa Flambeau de l’Est Kabera Christian batazira Morinho yirukanwe muri uwo mugwi . Amakuru yashikiriye Indundi Sports ariko ataremezwa...