5.5 C
New York
Saturday, February 27, 2021
Home Burundi Iyindi ndirimbo ihuriyemwo Big Fizzo na Sat-b yamaze kwemerwa

Iyindi ndirimbo ihuriyemwo Big Fizzo na Sat-b yamaze kwemerwa

 

Sat-b na Big Fizzo ngo nta kibazo bafitanye , ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Sat-b ubwiwe aho yishura ibibazo bitandukanye ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Muri ivyo bibazo, Sat-b yasabwe gusubira kandi gukorana indirimbo na Big Fizzo.  Uwo muririmvyi yishuye ko bagiye gukora ibiganiro kugira barabe uko vyokorwa.

Yagize ati : “ Yeah My Brother Tuzobipanga Tubahe.”

Yaba Big Fizzo yaba Sat-b bikaba bizwi ko ata ndirimbo baheruka gukorana na rirya bose uko ari 2 baheruka gusohora indirimbo zitari nke zari zihurikiye mu nkurikirane no muma EP. Muri izo ndirimbo hakaba harabonetsemwo abandi abaririmvyi b’abarundi co kimwe n’abanyamahanga bakoranye. Ubwo izohava ikorwa? Ninde azohava atera intambwe ya mbere? Reka tubihe akanya tuzorabe.

Mwokwibuka ko indirimbo yabo ya nyuma ari Wezere yakorewe muri African Sound  na Pastor P, aho yari mu rugendo I Bujumbura.

Must Read

Ado Josan na Big Fizzo boshobora gusubira mu kibanza ca Olegue

0
Indirimbo buca isohoka ya Adojosan na Big Fizzo yatanguye kumenyekanishwa kuri uyu wa kane amasaha yo mw’ijoro, ngo ije itorosha ibintu, mu gihe abantu...