5.5 C
New York
Saturday, February 27, 2021
Home News africa news Kigali yasubijwe muri Gumamu rugo ( Lockdown )

Kigali yasubijwe muri Gumamu rugo ( Lockdown )

 

Guhera kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 19/1, Kigali yose yasubiye kandi muri Guma mu rugo, intandaro n’ibitigiri bibandanya biba vyinshi vy’abagwaye COVID-19 bibandanya kuboneka muri ico gisagara.

Ingingo yo gushira abanya Kigali bose mu mazu yafashwe kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 18/1 mu nama nshikiranganji isanzwe iba 2 mu kwezi ikaba yari irongowe na H.E Paul Kagame.

Muvyo bashitseko nuko Kigali abenegihugu baguma mu mazu, ariko ibibanza bidandaza ibiribwa, ibikomoka ku gitoro, hamwe n’abakora akazi kadashobora guhagarara bikabandanya bikora, ariko hubahirizwa kwikingira ico kiza ca COVID-19.

Abakozi badakenewe bose bakaba basabwa kuguma muhira, kuko harekuwe gukoreshwa gusa 30% y’abakozi baba basanzwe bakorera ahantu, haba mu mashirahamwe ya Leta co kimwe n’ay’abikorera. Iyo nama yanategetse ko uburyo bwo kwiyunguruza nka’ama Bus, ama Taxi, amakinga co kimwe n’ama Moto vyose bihagarika gukora.

Iyo guma mu rugo yafashe abanya Kigali ikaba ngo izomara ikiringo c’indwi 2, aho ni mu gihe ubushakashatsi buheruka kuba bwerekana ko 12% vy’ababa I Kigali bamaze gufatwa n’ico kiza, mu gihe ahandi ibice bidashika kuri 7%.

Mwomenya kandi ko Urwanda ruri mu bihugu 2 vya mbere muri Afrika vyifashe neza muri kino gihe c’iki kiza, bikaba vyabahaye ikibanza ciza, kugira bazohabwe imbere y’abandi incanco z’ico kiza. Bikavugwa ko mu kwezi kwa 3 hashobora kuzoba hamaze gukingirwa abatari bake.

Must Read

Ado Josan na Big Fizzo boshobora gusubira mu kibanza ca Olegue

0
Indirimbo buca isohoka ya Adojosan na Big Fizzo yatanguye kumenyekanishwa kuri uyu wa kane amasaha yo mw’ijoro, ngo ije itorosha ibintu, mu gihe abantu...