5.5 C
New York
Saturday, February 27, 2021
Home Burundi Kubwa Mow Kanzie ngo igikomeye n’ukumenyekana, kuko si bose bazogira ingabire yo...

Kubwa Mow Kanzie ngo igikomeye n’ukumenyekana, kuko si bose bazogira ingabire yo kuririmba neza

 

Uwigeze kuba umukunzi wa Monna walda, Sag Wise, ngo ni nawe yatumye yinjira mu muziki. Ico gihe ngo basa nkaho bapinze ngo ntashoboye kuririmba, umukobwa aba yinjiye mu muziki uko. 

Nkuko aheruka kubishikiriza, Monna ngo ntari muri babandi baba bariko baririmba aho bari hose haba mu bwogero canke ahandi, arico cigeze kuvamwo impari hagati yiwe n’abandi aho bamubaza nimba akunda kuririmba.

Muri ico kiyago nyene kuri Instagram, Monna yabwiwe ko ivy’ukuririmba bimuca mu myanya y’intoke, ngo Promotion niyo yamukuyeyo, naho nyene ku mbugahwaniro [Social Media], ngo nayahandi nta kigenda. Uwo mwigeme ntiyamuharirije ahubwo amubwira ko ata wuronka vyose, ariko igikomeye ari ukumenyakana.

Yagize ati : “Ntiwumva, we wabitahuye vyose… Igikomeye n’ukumenyekana… Ntidushobora kuronka ingabire twese, ariko habonetse aho umenera ngo umenyekane, nta kubigisha.”

Naho biruko, uwo muririmvyikazi mushasha akaba aharurwa mu baririmvyi ndundi bariko barakora ibikora inka mu gushira ahabona indirimbo zitari nke. Iyiheruka gushirwa ahabona ikaba ari Gimme, yakurikiye na Suko imaze kurabwa incuro zirenga 37,000 kuri Youtube. Imbere yiyo akaba yari amaze amezi 9 adashira ahabona indirimbo n’imwe inyuma ya Tell me.  Ariko imbere yiyo hakaba habonetse Nshaka ariyo ndirimbo ya mbere yamenyekanyeko.

Must Read

Ado Josan na Big Fizzo boshobora gusubira mu kibanza ca Olegue

0
Indirimbo buca isohoka ya Adojosan na Big Fizzo yatanguye kumenyekanishwa kuri uyu wa kane amasaha yo mw’ijoro, ngo ije itorosha ibintu, mu gihe abantu...