5.5 C
New York
Sunday, October 24, 2021
HomeBurundiSat-b ngo nabasabe bateranye nimba ari ikibazo c’amafaranga cabaye

Sat-b ngo nabasabe bateranye nimba ari ikibazo c’amafaranga cabaye

 

Sat-b ngo ntaco bapfa na Meddy naho abatari bake bavyibajije inyuma y’ukubona indirimbo bakoranye isohotse idafise amasanamu, kandi uwo muririmvyi ari mu bakunzwe I Kigali atayishigikiye mu kuyimenyekanisha.

Ivyo Sat-b yabishikirije aho yariko yishura ibibazo bitandukanye kuri Instagram, aho abakunzi biwe batari bake bagumye babaza amasanamu y’iyo ndirimbo igihe azoshirirwa ahabona. Bamwe bo bakaba bamubwiye ko niba yagize ikibazo c’uburyo ngo yobivuga noneho bakamushigikira kugira iyo ndirimbo ikorerwe amasanamu.

Umwe yagize ati : “ Ntuzotumaramaze ku masanamu ya Beautifull, ata mahera ufise dusabe twebwe abafana b’umuziki mwiza duteranye amafaranga.”

Muri ivyo bibazo abatari bake banabajije nima hari ikindi gikorwa bafitanye na Meddy inimba ivyabo vyarahagaze, uwo muririmvyi yavuze ko babaye bahagaze kuri irya [Beautifull] kugira ibanze ihere. Ubwo bishoboka ko icizere gihari co gukorana iyo ndirimbo.

Ariko hampande yaho umuntu yokwibaza nimba Agatima ka Meddy canke aka bamwe mubo bakorana koba kakubise inyuma yaho Beautifull ikwirije 500,000 kuri Youtube ya Sat-b. Ivyo n’inyuma y’ukubona  ama Compte Instagram asanzwe ashirwako ivya Meddy atanguye gushigikira ico gikorwa ca Sat-b.

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Ni igiki coba catumye Ferouz Haruna asubirira...

0
Haciye imisi uwahora ari umumenyereza mukuru wa Flambeau de l’Est Kabera Christian batazira Morinho yirukanwe muri uwo mugwi . Amakuru yashikiriye Indundi Sports ariko ataremezwa...